Top Songs By Kidum Kibido
Similar Songs
Credits
PERFORMING ARTISTS
Kidum Kibido
Performer
COMPOSITION & LYRICS
Kidum Kibido
Songwriter
Lyrics
Intimba intimba ooh
Intimba Intimba
Intimba intimba eeh
Umva rwa rukundo
Nama ndakubwira
Ibuk'urya munsi
Naza kukuraba
War'ugeze kure
Nakubony'untera Agahinda
Numva biranse munda
Amosozi yuzur'amaso
Cabay'icibutso
C'umutima wanje
Yabay’intimba
Yumutima wanje
Ca gihe c'umubabaro
Abansi bara twenga twenga
Abakunzi nabo
Bamwe bakaganya
Uzobirabe, ugeze mu marushwa
Uzobirabe, ugeze mu marira
Uzobirabe, igihe urik'uraririmba
Nkanje
Sinari nzi ko amarira yob'urukundo
Sinari nzi ko na wewe wankunze bitavugwa
Sinari nzi ko wonyihebera
Bavuga iyo numva
Iyo ntumva naho bitwengera
Ngw'ino rukundo
Usa na yo kw'iteke (Usa na yo kw'iteke)
Nagomba kumb'iruhande
Hamw'umvuga, nkakwumva
Nagomba kuba
Hamw'utwenga, nkakubona
Usanzw'ubizi ko
Ngenda ndi inyanka mugayo
Iy'ataba wewe
Ahari impene haba hari ikiziriko
Nsishobora kuguheba
Kandi nuko n'ukuri ku buzima
Ihorere uraziko, ntashobora kuguheba
Nico gituma, mbaha amaso simbah'amatwi
Sinegeze menya
Sinari nzi ko amarira yob'urukundo
Sinari nzi ko na wewe wankunze bitavugwa
Sinari nzi ko wonyihebera
Intimba y'urukundo
Nabonye umwong'utemba amazi y'umusara
Ndayanwesha isezerano ya rwa rukundo
Wafata urugendo rukakubera indahiro
Ayonkubwiye ukayatega abiri
Mpishuka, mpishuka
Sinarinzi eeeh
Sinarinzi oooh
Sinarinzi
Sinarinzi ko yari intimba y'urukundo
Ko norize
Ko nawe worize
Ko tworize
Sinarinzi
Sinarinzi
Sinarinzi
Sinarinzi ko yari intimba y'urukundo
Ko norize
Ko nawe worize
Ko twese tworize
Sinirinzi
Ko norize
Ko tworize
Ko tworize
Written by: Kidum Kibido